Ikirundi / Kirundi

Ishirahamwe rifasha abafise ibibazo bijanye n’amategeko rikorera muntara y’uburasirazuba bwa Australia ribafasha gutahura ibibazo bijanye n’amategeko no kurondera uburyo bwogutorera inyishu ivyo bibazo.

Uko tugufasha bivana n’ibibazo vyamategeko ufise, uko umerewe n’uburyo dufise.

Nibihe bisata Ishirahamwe rifasha abafise ingorane z’amategeko rikorera mu Ntara y’uburasirazuba bwa Australia rifise?

  • Inyigisho zubuntu, aho mushobora kuronderera amakuru, n’inyigisho  biboneka kurubuga ngurukana bumenyi rwacu.
  • Umurongo wa telephone utanga amakuru, inyigisho n’impanuro - 1300 650 579.
  • Gusaba Umubonano imbere y’igihe ukeneye impanuro zijanye n’amategeko no gusaba imfashanyo yibibazo vyerekeye:
    • Gucirirwa urubanza bivanye n’ubugizi bwa nabi
    • Amatati y’umuryango gufashisha amafaranga umwana n’umugabo yatandukanye n’umugore no Gusaba kurera canke gukingira umwana.
    • Gusaba gushiraho amategeko abuza kwegera uwundi kumpamvu z’umutekano wiwe.
    • Ibibazo bijanye no kurenganywa, amadeni, ingorane zijanye no kurondera akazi, gusaba kuba umurezi w’umwana utavyaye hamwe no gutahura ibikorwa vyo mu biro, kurihwa na asuransi, umubabaro n’agahinda bitewe no kuriha ideni ry’inzu, Imodoka canke inzu vyahuye n’isanganya, amafaranga Leta ifashisha abadafise akazi, abari muzabukuru, nabagendana ubumuga, indishi y’akababaro kubahohotewe bitewe n’ubugizi bwa nabi.
  • Umushingwamanza aba ari kukazi atanga impanuro nogufasha muri Sentare y’Intara, Sentare y’abana, no muri Sentare y’umuryango. Abashingwamanza bacu bari kukazi ntibashobora kukuburanira.
  • Ugukomeza guhagararirwa n’umushingwamanza bivanye n’imfashanyo yamahera yabonetse.
  • Aho imigwi y’abantu n’abanyagihugu bashobora kuronka inyigisho kubijanye n’amategeko.

logo for interpreters

Bigenda gute mugihe ukeneye umusiguzi?

Dukora uko dushoboye kose tugafasha abantu bafise ingorane zokuvuga canke kumva icongereza. Iyo wifuza kuvuga murundi rurimi dushobora kukuronderera umusiguzi wokugufasha. Iyo uhamagaye kumurongo utanga amakuru, inyigisho n’impanuro canke ukaza muri bimwe mu biro vyacu vyaho dukorera, tubarire ururimi wifuza kuvuga. Tuzotegura imbere yigihe umusiguzi hanyuma turondere umwanya kugirango uze utubwire ingorane zawe ufise zijanye n’amategeko dukoresheje umusiguzi.

Nimba wifuza gukoresha umusiguzi mugihe ugomba kuza kubonana natwe, turagusavye dushimitse ubitumenyeshe mugihe uri gusaba kubonana natwe imbere y’igihe.

Nimba ugiye kuburana muri Sentare, ushobora guhamagara muri Sentare hanyuma ukabasaba ko bazokuronderera umusiguzi azokusigurira. Nimba uri muri Sentare, bakaba batakurondereye umusiguzi, baza Umushingwamanza wacu ari kukazi nimba bashobora kugufasha muri Sentare guhagarika kuburanisha urubanza rwawe maze bakarwungururiza kuwundi musi ukabasaba ko umusiguzi yoba ahari ikindi gihe.

Ku bifuza kuvugana natwe

Umurongo utanga inyigisho amakuru n’impanuro uba wuguruye mumisi yakazi kuva isaha zitatu zo mugitondo gushika isaha cumi zo kumugoroba (kumasaha yacu) - umurongo wa 1300 650 579.

Ibiro vyacu bikuru biri 32 St Georges Terrace, Perth. Turafise ibiro mubisagara bikuru bikuru vyo muntara.

 

Need help?

The InfoLine can give information about the law and our services to help with your legal problem.
COVID-19 Graphic

Legal Aid WA continues to service clients and the community through the spread of COVID-19. See our latest information on services here.

Disclaimer

The information displayed on this page is provided for information purposes only and does not constitute legal advice. If you have a legal problem, you should see a lawyer. Legal Aid Western Australia aims to provide information that is accurate, however does not accept responsibility for any errors or omissions in the information provided on this page or incorporated into it by reference.